Abantu cumi nibo basize ubuzima mu mirwano yabaye k’umusi wa gatandatu hagati y’amoko abiri y’Abarabu mu ntara ya Darfour y’ubuseruko muri Sudan, nkuko vyashikirijwe n’abakuru b’ayo moko kur’uyu w’Imana.
Ivyo bibaye mu gihe ONU yari mu myiteguro yo kugabanya abasirikare bayo bari mur'iyo ntara, bavuga ko imigwano yagabanutse mur’ako karere ko m’ubuseruko bwa Sudani.
Imirwano nk’iyo hagati y’ayo moko yarigeze guhitana abantu icenda m’ukwezi kw’icenda.
Intara ya Darfour kuva m’umwaka wa 2003 iri mu ntambara hagati y’amoko y’inkehwa n’ubutegetsi bwa perezida Omar el-Béchir, burwiriyemwo Abarabu. Intambara imaze guhitana abashika ibihumbi 300 n’imiliyoni 2,5 z’abateshejwe izabo.
Facebook Forum