Uko wahagera

Amerika Isabwa Kubandanya Ishigikira Ubushakashatsi kuri SIDA


Abahinga bakora m'ubushakashatsi ku ndwara ya SIDA basaba Reta zunze ubumwe z’Amerika, kubandanya ishigikira ico gisata m’uburyo bw’amafaranga.

Ivyo babishikirije mu nama mpuzamakungu k'ubushakashatsi kur’iyo ndwara barimwo I Paris m’Ubufaransa kuva kur’uyu w’Imana.

Perezida Donald Trump w'Amerika, mu nteguro y’amafaranga reta y’Amerika ya reta yo m’umwaka w’2018 yarungikiye inama nshingamateka yaragabanije uburyo bw’amafaranga Amerika isanzwe itanga mu gisata c’ubushakashatsi kuri Sida k’urwego mpuzamakungu.

Linda-Gail Bekker, umushakashatsi mu kigo “Desmond Tutu HIV”, kiri mu gihugu ca Afurika y’epfo yabwiye abamenyeshamakuru ko Amerika ari co gihugu kiza imbere y’ibindi kw’isi mu gushigikira ubushakashatsi bugamije kurwanya ico kiza.

Ati : "Mu gihe Amerika yogabanya ubwo buryo, nta nkeka ko hazopfa abatari bake ndetse n’abandura bazokwiyongera".

Perezida Barack Obama na Musenyeri Desmond Tutu, agendera ku kigo citiriwe Tutu
Perezida Barack Obama na Musenyeri Desmond Tutu, agendera ku kigo citiriwe Tutu

Abahinga bakorera kuri Sida bashika 6.000 nibo bari mur’iyo nama I Paris itegekanwa kurangira kur’uyu wa gatatu bashikiriza ko uburyo butangwa n’amareta mur’ico gisata bwagabanutse kuva m’umwaka wa 2010, aho bwagabanutse imiriyaridi 7, 5 gushika m’umwaka wa 2015.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG