Uko wahagera

Intureka Zikomeye Hagati y'Abanyisrayeli n'Abanyepalestina


Mideast Israel Palestinians Israeli policemen stand by the body of a Palestinian at the scene of an stabbing attack in Jerusalem Saturday, Oct. 10, 2015

Abategetsi ba Israyeli batangaje ko abanyisrayeli batatu bapfuye, uwundi umwe agakomereka, inyuma y’aho umunyapalestina yinjiriye mu nzu iri k’ubutaka bw’intara ya Cisjordanie, aca anigagura aba ahasanze. Babiri mur’abo baciye bita Imana, uwundi umwe ahitanwa n’ibikomere inyuma y’amasaha ico gitero kibaye.

Igisirikare ca Israyeli catangeje ko uwo mugabo yahavuye yicwa, arashwe.

Kur’uyu wa gatanu kandi, abanyepalestina batatu bapfuye baguye mu mishamirano ikomeye yadutse hagati y’abajejwe umutekano ba Israyeli, hamwe n’abanyepalestina, nk’uko vyatangajwe n’umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu wa Palestina.

Iyo mishamirano yadutse inyuma y’iminsi mike hashinzwe ingingo nshasha z’umutekano k’uruhande rwa Israyeli. Abategetsi bavuga ko har’imyiyerakano yari yitezwe mu kibanza ceranda ca Yerusalemu, gisanzwe kiri mu matati hagati y’ivyo bihugu ukw’ari bibiri.

Mu minsi iheze, abapolisi babiri bariciwe mur’ico kibanza, n’abagabo babiri b'abarabu, bitwaje ibirwanisho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG