Uko wahagera

USA: Sean Spicer Yatanze Imihoho


Sean Spicer, yahoze ari Sekreteri ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vya Perezida w'Amerika, White House.
Sean Spicer, yahoze ari Sekreteri ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vya Perezida w'Amerika, White House.

Sean Spicer yahora ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vya perezida, White House yatanze imihoho.

Iyi nkuru dukesha ikinyamakuru "The new York Times" candikira muri Reta zunze ubumwe z’Amerika ivuga ko Spicer yatanze imihoho mu gitondo co kur’uyu wa gatanu.

Imvo y'iryo tanga imihoho ngo nuko atanezerejwe nuko Perezida Trump yagenye umugwizatunga wo mu gisagara ca New York, Anthony Scaramucci mu kibanza c’umuyobozi w’ivyo kumenyesha akamuru mu biro vya perezida Trump.

Trump yagenye caramucci mur’ico kibanza kur’uyu wa gatanu nyene igihe c’isaha zine z’agatondo nkuko ico kinyamakuru kibivuga. Trump yasavye Spicer kudatanga imihoho ariko Spicer yanse mu kumubwira ko kugena uwo mugwizatunga ar’ikosha rikomeye yakoze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG