Uko wahagera

Aho Ibitigiri kuri SIDA Bigeze Mur'iki Gihe


Uko amasegonde 17, aheze umuntu umwe kw’isi niwe yandukirwa na Sida kandi kuva ico kiza kimenyekanye, abantu bangana n’ababa muri Canada baramaze gupfa.

Igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU cita kuri SIDA, ONUSIDA muri raporo giheruka gusohora kiratanga ibitigiri kuri SIDA.

Abantu bashika umuliyoni n’ibice umunani (1, 8) nibo banduye SIDA kw’isi muri 2016. Ivyo bitigiri vyerekana ko abantu 5000 bashasha aribo bandura buri musi.

Ku bantu bakuze, umuvuduko mu kwandura kw’isi waragabanutse gato mu myaka iheze: Bavuye ku muliyoni 1,9 muri 2010 bishika ku muliyoni 1,7 muri 2016.

Umugabane w’Afurika niwo ubonekamwo kenshi abarwayi benshi: babiri kuri batatu.

Ku bana, ibitigiri vy’abandura vyaragabanutse: Kuva muri 2010 vyagabanutse ica kabiri, biva ku bihumbi 300 bishika kuri 160 muri 2016.

Iryo gabanuka risigurwa n’amasekeza yabaye muri Afrika yo guhimiriza abavyeyi bibungenze. Imiliyoni 36,7 bagendana umugera wa SIDA kw’isi nkuko bishikirizwa na ONUSIDA muri raporo yo muri 2016.

Kuva mu mwaka 1981 hagitangura kwibonekeza uwanduye wa mbere wa SIDA gushika muri 2016, OMS ivuga ko abashika imiliyoni 36 bishwe na SIDA.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG