Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza ahamagarira impunzi z’Abarundi zirenga ibihumbi 240 ziri muri Tanzaniya gutahuka.
Ivyo Nkurunziza yabivugiye m’urugendo yagize kur’uyu wa kane mur’ico gihugu ku butumire bwa mugenzi we wa Tanzaniya John Pombe Magufuli.
Nkurunziza yashimangiye ko mu gihugu ciwe hari amahoro akwiye, ko botaha guteza imbere Uburundi.
Ibiro vy’umuhuza w’Abarundi vyatangaje ko mur’urwo rugendo, banavuganye ikibazo cerekeye umugambi w’amahoro mu Burundi.
Ibindi vyaganiriwe nabo bakuru b’ibihugu 2 n’ibijanye na poritike, ubutunzi, imigenderanire y’ibihugu barongoye, hamwe n’ibijanye n’umuryango wa Afrika y’ubuseruko.
Ibindi kur’iyi nkuru mukurikirane umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika I Arusha muri Tanzaniya, Claver Niyonkuru.
Ivyo kandi biranemezwa na Jean Claude Karerwa Ndenzako, umuvugizi w’umukuru w’igihugu mukiganiro yahaye mugenzi wacu Frederic Nkundikije.
Mur’urwo rugendo Nkurunziza yaherekejwe n’abashikiranganji batanu ba Reta y’Uburundi aribo Alain Guillaume Bunyoni ajejwe umutekano, Alain Aimé NYAMITWE w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Isabelle NDAHAYO ajejwe iyinjira ry’Uburundi muri Afrika y’ubuseruko, Domitien NDIHOKUBWAYO w’ikigega ca Reta, hamwe na Emmanuel NTAHOMVUKIYE ajejwe ukwivuna abansi.
N’urugendo rwiwe rwa mbere agize hanze inyuma y’imyaka 2 har’abashatse kumukura ku butegetsi.
Facebook Forum