Uko wahagera

Venezuela: Imyiyerekano yo Kwiyamiriza Prezida Maduro


Imodoka yaturiwe n'abari mu myiyerekano kugira bazibire ibarabara, mu gisagara ca Caracas, muri Venezuela
Imodoka yaturiwe n'abari mu myiyerekano kugira bazibire ibarabara, mu gisagara ca Caracas, muri Venezuela

Muri Venezuela, kur’uyu wa kane, amabarabara yazindutse yugarijwe n’ibiti, hamwe n’ibindi bikoresho bishobora kuzibira. Abanyagihugu aho muri Venezuela bari bitabiye akamo ko gukora imyiyamamazo yo kwiyamiriza Reta irongowe na Prezida Nicolas Maduro.

Iyo myiyerekano yaranzwe, mu ntara zimwe zimwe, no guhangana hagati y’abo banyagihugu n’abapolisi. Imirwi y’urwaruka yateye umuriro kuvyari bizibije amabarabara, yongera itera amabuye ku bapolisi, aho nabo baciye basubiza mu gutera ivyuka vyakira.

Iyo myiyerekano itegekanijwe kumara iminsi ibiri, yatunganijwe mu ntumbero yo kwiyamiriza umugambi wa Prezida Maduro werekeye guhindura ibwirizwa shingiro. Abatavuga rumwe n’Ubutegetsi bavuga ko bafise umugambi wo guhagarika amatora ategekanijwe kuba itariki ya mirongo itatu z’ukwezi kw’indwi, ategekanya gutora inama nshingamateka nshasha.

Prezida Maduro yatangaje kuri televiziyo y’Igihugu ko atarota ahagarika uwo mugambi, akavuga ko amashirahamwe abandanya gukora no mu gihe c’iyo myiyamamazo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG