Uko wahagera

Sudani y'Epfo: Intambara Zariyongereye


Abasirikare ba SPLA, k'Umurwa mukuru wa Sudani y'Ubumanuko, i Juba.
Abasirikare ba SPLA, k'Umurwa mukuru wa Sudani y'Ubumanuko, i Juba.

Umutegetsi mukuru m’umurwi ujejwe amahoro muri ONU yatangaje ko intambara ziyongereye mu bice bimwe bimwe vya Sudani y’Ubumanuko, mu gihe Reta yatangaje ko habonetse agahengwe kuva m’ukwezi kwa gatanu.

El Ghassim Wane, ari m’umurwi ugize inama y’umutekano ya ONU yatangaje, kur’uyu wa kane, ko mu ntango z’uku kwezi, umurwi ujejwe amahoro wa ONU, muri Sudani y’Ubumanuko waronse ivyegeranyo bivuga ko kuva igisirikare c’igihugu cungururijwe mu karere ka Mathiang, intambara ziyongereye. Avuga kandi ko Reta yahanganye bikomeye n’abo bitavuga rumwe hafi y’ahitwa Torit.

M’ukwezi kw’umunani, m’umwaka uheze, inama y’umutekano yafashe ingingo yo kurungika inteko mvamakungu zishika ku bihumbi bine, mu ntumbero yo gufasha gukingira abanyagihugu. Muri kino gihe hakaba har’utwigoro two gusubira gutanguza ibiganiro vy’amahoro aho muri Sudani y’Ubumanuko, bisa n’ivyahagaze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG