Uko wahagera

Abana 6 b'Abarundi Bazimiriye muri Amerika


Abana b'Abarundi baje muri Amerika guhiganwa m'ubuhinga bw'amarobo
Abana b'Abarundi baje muri Amerika guhiganwa m'ubuhinga bw'amarobo

Inyuma yo kurushanwa k'ubuhinga rw'amarobo, abana b'Abarundi babuzwe irengero

Urwaruka rw’Abarundi batandatu bari baje I Washington DC muri Reta zunze ubumwe z’Amerika mw’ihiganwa ryo ku rwego rwo hejuru rwo gukora utwuma dushobora gukora ibintu bikorwa n’abantu (Robots) rwarabuzwe irengero ryarwo kuva kur’uyu wa gatatu.

Amafoto y’abo bana ariko aratangazwa mu binyamakuru bitari bike vy’aha muri Amerika.

Igipolisi c’I Washington DC casohoye amazina yabo: Richard Irakoze w’imyaka 18; Kevin Sabumukiza w’imyaka 17; Nice Munezero w’imyaka 17, Aristide Irambona w’imyaka 18, Don Ingabire w’imyaka 16 na Audrey Mwamikazi w’imyaka 17.

Igiporisi kimenyesha ko babiri muri bo aribo Audrey Mwamikazi na Don Charu Ingabire bamaze kujabuka muri Canada, abandi ntibaramenyekana iyo bari.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG