Uko wahagera

Perezida Nkurunziza Yasuye Tanzaniya


Pierre Nkurunziza na John Pombe Magufuli wa Tanzaniya bagiranye ibiganiro
Pierre Nkurunziza na John Pombe Magufuli wa Tanzaniya bagiranye ibiganiro

Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Pierre Nkurunziza kur’uyu wa kane yagize urugendo muri Tanzaniya, aho yagiye kubonana na mugenzi John Magufuli. Amakuru yo kwizerwa avuga ko uyo mubonano utumbereye kwongera gutunganya ibiganiro bihuza Abarundi.

Urwo rugendo rwagizwe ibanga gushika ku munota wa nyuma, rufise intumbero yo kuganira k’umugambi w’amahoro, nkuko vyashikirijwe na Macocha Tembele, umunyamabanga adasanzwe w’umuhuza mu ndyane z’Abarundi, Benjamin Mkapa.

Amakuru yatanzwe n’umudiplomate atashimye ko izina ryiwe rija ahabona, avuga ko uwo mubonano wabaye k’ubutumire bwa Perezida Magufuli, yatumwe n’abakuru b’igihugu vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko kwumvisha Nkurunziza ko akwiye kwemera kwitaba ibiganiro bihuza Abarundi atakirinze gushirwa imbere.

Perezida Nkurunziza ntiyari bwongere gusohoka Uburundi kuva m’ukwezi kwa gatanu, 2015. Yari I Dar es Salaam muri Tanzaniya mu nama ya EAC, asubira inyuma yumvise ko har’umugambi wo kumukura k’ubutegetsi, umugambi waruhiye kutaja mungiro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG