Uko wahagera

Haley Aranegura Afrika ku Bijanye n'Inzara


Nikki Haley, aserukira Amerika muri ONU
Nikki Haley, aserukira Amerika muri ONU

Nikki Haley, aserukira Amerika muri ONU yaneguye bikomeye, kur’uyu wa gatatu, ibihugu vya Afrika uburyo vyananiwe no gukinga inzara k’umugabane wa Afrika.

Ivyo Haley yabivugiye mu nama y’umutekano ya ONU, aho yariramutse yiga ku bibazo vy’umutekano k’umugabane wa Afrika. Avuga ko inzara itarikwiye kuba ikivugwa m’umwaka w’ibihumbi bibiri na cumi n'indwi.

Haley yatangaje ko abantu barenga imiliyoni cumi na zine bashobora kuzobangamirwa n’inzara, m’uburaruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya, Somaliya na Sudani y’Ubumanuko. Avuga ko ar’ikiza categerezwa kuba kiriko kiravugwa mu binyamakuru vyose. Avuga kandi ko abantu baticwa n’ibikorwa vy’Imana, yamara ko bicwa n’ibikorwa vy’abantu.

Haley yagirije abatera intambara, intureka n’iterabwoba mur’ivyo bihugu vya Afrika, kw’aribo batuma hatera inzara, no kudashobora gushikira abakeneye imfashanyo.

Kubwa Nikki Haley, ngo kubona ibihugu vya Afrika bitora igihugu nka Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo mu nama ijejwe agateka ka zina muntu muri ONU, mu gihe ico gihugu kiriko gikorwako amatohoza ku ntureka za politike zahitanye abantu ibihumbi, ngo bizotuma urwo rwego rusubira inyuma, kandi n’intambara zugarije Umugabane wa Afrika ziyongera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG