Icuka kibi kiri hagati y’Ubudagi na Turukiya kirabandanya. Kur’uyu wa gatatu, Ubudagi bwatumyeko uwuserukira Turukiya mur’ico gihugu, inyuma y’aho Turukiya itereye mu mvuto abakozi b’abamashirahamwe y’abaharanira agateka ka zina muntu, barimwo umwe aturuka m’Ubudagi.
Ubudagi bwagabishije Turukiya ko imfashanyo gisanzwe kironswa n’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ishobora guhagarara, bigatuma amasezerano yega abimukira ahungabana.
Umuvugizi m’Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire y’Ubudagi n’ayandi makungu yatangaje ko Reta ya Turukiya iteregerezwa kwumva vyihutirwa uruhagarara n’ukudatahura biri muri Reta y’Ubudagi, kandi ko biteze umuco kw’ipfungwa rya Peter Steudtner aturuka m’Ubudagi.
Chanceliere w’Ubudagi, Angela Merkel yatangaje avuga ko ipfungwa rya Steudtner ritumvikana na buhoro.
Facebook Forum