Uko wahagera

USA: Irani Irubahiriza Amasezerano yo muri 2015


Reta ya Amerika yasubiye kwemeza, uno musi kw’igihugu ca Irani kiriko kirubahiriza amasezerano cashitseko n’amakungu mu mwaka w’i 2015 ku migambi yaco yerekeye ubuhinga bwa nuclaire. Perezida wa Amerika, Donald Trump, yari yanebaguye bikomeye ayo masezerano.

Hisunzwe amategeko ya Amerika, ubushikiranganji bujejwe imigenderanire butegerezwa kumenyesha inama nshingamateka mu kiringo c’imisi mirongo icenda ko Irani yubahiriza amasezerano yo mu mwaka w’i 2015.

Reta ya Perezida Trump iriko ikorana n’amareta y’ibihugu bicuditse kugira bibone kw’ayo masezerano yubahirijwe neza.

Abategetsi bo mu biro vya perezida, bavuga kw’aho reta ihagaze ku vyerekeye amasezerano amakungu yashitseko n’igihugu ca Irani ari ikibazo kibandanya kwihwezwa.

Perezida Trump yatangaje ku buryo butomoye ko yipfuza guhinyanyura ingingo zirimwo amahinyu mur’ayo masezerano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG