Uko wahagera

Ibibazo Biracari Vyinshi kw'Itegeko ryo Kwivuza muri Amerika


Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yagirije uno musi ku wa kabiri abademokrate n’abarepublika bakeyi .

Ni mu nyuma yuko akigoro ka nyuma k’abarepublika k’ugutunganya gushasha uburyo abanyamerika bivuza kananiwe kugira ico gashikako.

Mu vyo yanditse ku rubuga Twitter uno musi ku wa kabiri, Trump yahayagije akigoro k’abarepublika batari bake k’ugutunganya gushasha uburyo Abanyamerika bivuza. Yamenyesheje ko yipfuza kw’itegeko ritunganya ukugene abanyamerika bivuza rihari muri iki gihe, rizwi kwizina rya Obamacare, risambuka.

Yabaye incuro igira kabiri integuro y’itegeko ritunganya gushasha uburyo Abanyamerika bivuza, yatunganijwe n’abarepublika, ataco ishikako mu kiringo c’amezi abiri.

Perezida Trump yasavye incuro zitari nke gukuraho n’ugusubiriza itegeko rihasanzwe ritegekanya uburyo Abanyamerika bivuza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG