Uko wahagera

ONU Isaba Reta ya Iraki Guhagarika Kwihora


Jan Kubis, Intumwa idasanzwe ya ONU muri Iraki
Jan Kubis, Intumwa idasanzwe ya ONU muri Iraki

Intumwa ya ONU muri Iraki, Jan Kubis, yatangaje ko arajwe ishinga n’ukwihora ku banyagihugu baba muri Mossoul, bikekwa kw’ari abarwanyi b’Umuhari wa Reta ya Kisilamu. Ivyo n’inyuma y’aho ico gisagara cigaruriwe n’abasirikare ba reta.

Kubis yabwiye Inama y'umutekano, kur’uyu wa mbere, ko har’icuka co kwihora mu kivunga ku miryango yikekwa ko yakoranye n’abarwanyi ba Reta ya Kisilamu. Avuga ko iyo miryango iriko irakwa ivyabo, yongera ifatirwa n’izindi ngingo z’agahotoro.

Kubis yateye akamo Umushikiranganji wa mbere wa Iraki, Haider al-Abadi, ko yofata ingingo zihutirwa zo guhagarika ukwo kwihora. Avuga ko ingingo ziriko zirafatirwa abo banyagihugu ziciye kubiri n’ibwirizwa shingiro rya Iraki, hamwe n’amategeko mpuzamakungu Iraki isanzwe yemera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG