Uko wahagera

Abapadiri Babiri Baranyurujwe muri Beni-Butembo


Abapadiri babiri bo muri diyosezi ya Beni-Butembo baranyurujwe n’abarwanyi baratamenyekana mw’ijoro ryo ku musi w’Imana ryashiriye uno musi ku wa mbere, mu buseruko bwa Republika iharanira demokarasi ya Congo.

Abo bapadiri babiri bo kuri paruwasi ya Marie Reine des Anges de Banyuka banyurujwe n’aba Mai-Mai babajanye mu mitumba yo mu karere ka Beni-Butembo mu ntara ya Kivu yo mu buraruko, batwara imodoka zibiri n’amapikipiki abiri. Ivyo vyatangajwe na Paluku Sikuli, musenyeri w’akarere ka Beni-Butembo.

Musitanteri w’akarere ka Beni, Amisi Kalonda, yemeje inyuruzwa ry’abo bapadiri babiri ba paruwasi y’abakatolika ya Banyuka. Amenyesha ko banyurujwe n’abantu bitwaje ibirwanisho batamenyekanye, kandi kw’inteko zijejwe umutekano ziriko zirabarondera.

Kunyuruza abantu n’ibintu biba kenshi mu karere ka Beni-Butembo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG