Uko wahagera

Canada: Abarenga Ibihumbi 37 Bateshejwe Izabo n'Umuriro


Imiriro imaze indwi itongora intara ya Colombie Britannique, m’uburengero bwa Canada yatumye abantu bagera ku bihumbi 37 bata ingo zabo mu mpera z’iyi ndwi irangiye.

Uwo muriro wiyongereye inguvu bivanye n’imiyaga myinshi irangwa mur’ako gace, vyatumye abategetsi bafata ingingo yo kwimura abantu ibihumbi 11 bo mu gisagara cose ca Williams Lake.

Abategetsi mur’ako karere bavuga ko abazimya bashika 3000 aribo bari ku kivi, 145 muri bo baje baturuka mu zindi ntara za Canada.

Kajugujgu yariko irafasha mur’ivyo bikorwa vyo kuzimya yarakorotse, ariko umudereva wayo yarakomeretse ubu ariko aravurwa, nkuko bishikirizwa n’umuvugizi w’igisata kijejwe kurwanya iyo miriro mur’ico gihugu ca Canada.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG