Uko wahagera

RDC: Umunyamerika yari Yanyurujwe Yabohojwe


Abasirikare ba Kongo mu mihana ya Nyakakoma (VOA/Charly Kasereka)
Abasirikare ba Kongo mu mihana ya Nyakakoma (VOA/Charly Kasereka)

Abategetsi muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo bamenyesha ko umumenyeshamakuru w’Umunyamerika yari yanyurujwe n’abarwanyi b’aba Mai Mai yabohojwe n’abasirikare b'ico gihugu kandi ari muzima.

Abarwanyi b’aba Mai-Mai Simba bari banyuruje Lisa Dupuy hamwe n’abandi bakozi bakora mw’ishamba ry’ibikoko ry’ahitwa Okapi mu ndwi iheze, riri hafi y’igisagara ca Mambasa m’ubuseruko bwa Kongo.

Amakuru y’ingene banyurujwe n’uburyo barokowe ntiyatangajwe ariko abategetsi mu gisirikare bavuga ko batanu mur’abo bakozi bariko barafasha mur’urwo rugamba bishwe.

Dupuy yar’umumenyeshamakuru yikorera ku giti ciwe. Mwomenya ko abandi bamenyeshamakuru hamwe n’abandi bakozi bo mur’iryo shamba bashoboye guhunga aho abo ba Mai Mai baza kubatera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG