Uko wahagera

Umunyamerika Yanyurujwe muri RDC


Abasirikare ba Kongo baturira Ikambi y'abarwanyi b'aba Mai Mai
Abasirikare ba Kongo baturira Ikambi y'abarwanyi b'aba Mai Mai

Umumenyeshamakuru w’Umunyamerika hamwe n’abandi bantu cumi n’umwe bacungera ishamba ry’ibikoko baranyurujwe k’umusi wa gatanu n’abarwanyi b’aba Mai Mai m’uburaruko bushira ubuseruko bwa Republika iharanira demokarasi ya Kongo.

Ivyo vyashikirijwe kur’uyu wa gatandatu n’abategetsi bo mur’ako karere.

Alfred Bongwalanga, arongoye akarere ka Mambasa, mu ntara ya Ituri amenyesha ko babakuye aho bakorera mw’ishamba ry’ibikoko riri ahitwa Okapi.

Abategetsi m’ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu muri reta zunze ubumwe z’Amerika baremeza ayo makuru w’umunyagihugu, ariko ntaco bashimye guca babivugako.

Amakuru atangwa n’ikigo kijejwe gucungera ibidukikije muri Kongo avuga ko hari Abongereza babiri n’abandi batanu mur’abo bacungera iryo shamba bo bashoboye guhunga ico gitero.

Icegera ca Buramatari w’intara ya Ituri, pacifique Keta, avuga ko abasirikare hamwe n’abandi vyega babimenyeshejwe kandi batanguye ibikorwa vyo kubarondera.

Akarere ko m’ubuseruko bwa Kongo, karwiriyemwo imirwi yitwaje ibirwanisho y’abanyekongo hamwe n’iy’abanyamahanga.

Kamaze imyaka irenga 20 mu ntambara z’urutavanako zishingiye ku moko n’ubutaka, izindi zavyuwe n’amasosiyete ahiganirwa gucukura ubutare ndetse havugwa ko bimwe mu bihugu rutura kw’isi bifise uruhara mur’izo ntambara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG