Uko wahagera

Inkozi z’ikibi zarashe ku Bapolisi muri Isiraheli


 Israeli border police secure the area near the scene of the shooting attack in Jerusalem's Old City, July 14, 2017.
Israeli border police secure the area near the scene of the shooting attack in Jerusalem's Old City, July 14, 2017.

Umuvugizi w’igipoplisi c’igihugu ca Isiraheli, Mickey Rosenfeld, yatangaje kw’abantu batatu bitwaje ibirwanisho n’imbugita barashe ku bapolisi uno musi ku wa gatanu, mu gice ca kera c’igisagara ca Yeruzalemu. Bishe abantu babiri, bakomeretsa abandi batari bake.

Mickey Rosenfeld avuga kw’abakoze ico gitero bagerageje gusogota imbugita abantu, imbere bahungira mu kibanza gihezagiye kizwi kw’izina “Noble Sanctuary” ku Bayislamu na, “Temple Mount” ku Bayahudi.

Rosenfeld avuga igipolisi cahize abagize ico gitero, gihagarika abo bantu ukw’ari batatu.

Igipolisi catangaje kw’ibisabisho vy’uno musi ku wa gatanu ku Bayislamu bitabera mu kibanza ca Noble Sanctuary, inyuma y’igitero mur’ico kibanza.

Abagize ico gitero ntibamenyekanye buno nyeme.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG