Uko wahagera

Perezida Trump Mu Birori Vyabereye I Paris


Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump yari mu birori vy’uguhimbaza umusi wo kwibohoza mu Bufaransa witiriwe Bastille uno musi ku wa gatanu, I Paris mu gihugu c’Ubufransa.

Umusi witiriwe Bastille uhimbaza igihe abanyagihugu bari bagumutse binjira mw’ibohero rya Bastille mu gisagara ca Paris kw’italiki 14 z’ukwezi kw’indwi mu mwaka w’i 1789. Uwo musi wabaye intango ya revolisiyo mu Bufransa, waranzwe na defile yamaze ikiringo kirenga amasaha abiri.

Inteko za Amerika zagize defile ziri kumwe n’inteko ibihumbi n’ibihumbi z’Ubufransa mu kibanza citiriwe, Champs Elysees.

Abapolisi barenga ibihumbi bitatu n’amajana atanu bari barungitswe kw’ ibarabara urwo rugendo rw’abasirikare rwabereyeko kugira bakingire abari mu birori, ibitero vy’iterabwoba vyari gushobora kuba.

Perezida w’Ubufransa, Emmanuel Macron yavuze ko kuba Perezida Trump n’umupfasoni wiwe bari mu birori vy’uguhimbaza umusi witiriwe Bastille ar’ikimenyetso c’ubucuti hagati y’Ubufransa na Amerika butigeze butituka.

Inyuma y’ivyo birori, Perezida Trump n’umutambukanyi wiwe, Melania Trump bafashe indege, Air Force One yabajanye muri Reta ya New Jersey muri Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG