Uko wahagera

Misiri: Amashengero Afise Ubwoba bw'Umutekano Muke


Papa Pachomios w'ishengero ry'aba copte muri Misiri (hagati)
Papa Pachomios w'ishengero ry'aba copte muri Misiri (hagati)

Amashengero y’aba copte n’abayoboke b’idini rya katolika, mu gihugu ca Misiri yahagaritse vy’agateganyo ibikorwa vyose bikorerwa hanze, mur’uku kwezi kw’indwi, bivuye k’umutekano winubwa ko ushobora guhungabana.

Kuber’ivyo, ingendo zose n’amanama vyari vyatunganijwe n’amashengero, co kimwe n’ibikorwa vy’urwaruka n’ibindi vyaciye biba birahagarikwa.

Nta vyinshi vyashikirijwe n’abarongozi b’ishengero ku bijanye n’uwatanze itegeko ryo guhagarika ivyo bikorwa, canke uburyo umutekano ushobora guhungabana.

Yamara umuhari wa Reta ya Kisilamu wari wagabishihe ko ushobora gukora ibitero vyawo ku bakristu bo muri Misiri, inyuma y’aho wemangiye igitero wakoze cahitanye abantu bashika kuri mirongo ibiri n'umunani, m’ukwezi kwa gatanu.

Uwo muhari warakoze kandi ibitero bibiri mu mashengero ari mu bibanza bitandukanye, bihitana abantu bashika kuri mirongo ine na bane.

Aho muri Misiri abakristu baharugwa ku bice cumi kw’ijana vy’abanyagihugu bose.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG