Uko wahagera

Abarundi bamaze kwiyongera incuro zine zose kuva mu 1962. Leta ihamagarira abanyagihugu kugabanya umurundi wo kuvyara mu gukoresha ubuhinga bwo kugabanya no gutandukanya imvyaro.

Ishirahamwe ryigenga Parcem naryo risaba Leta gushiraho imigambi iboneka yo kugwiza akazi haba ku bize n'abatize kugira ifashe urwaruka rugize ibitigiri vyinshi vy'abanyagihugu.

Kuri uyu wa kabiri, Uburundi bwafadikanije n'amakungu guhimbaza umusi wahariwe igwirirana ry'abantu.

Ibiharuro bitangwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho igwirirana ry’abantu kw’isi UNFPA bigereranya ko mu Burundi umukenyezi umwe avyara abana batandatu.

Mw’itangazo ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwasohoye, busaba abanyagihugu kugabanya umuvuduko bibarukako.

Muganga Josiane Nijimbere atwara ubwo bushikiranganji asigura ko ata terambere rishoboka abantu babandanije kuvyara kuri urwo rugero.

Umukuru w’sihirahamwe Parcem Faustin Ndikumana asanga ariko u Burundi bufise ibikwiye kugira abanyagihugu babeho neza n’ubwo biyongera cane.

Ku mugabane wa Afrika, amatohoza yerekana ko muri rusangi umukenyezi umwe avyara abana batanu.

Uburundi n’igihugu ca Niger biri mu bihugu vya mbere bibiri abantu biyongera kurusha, kuko igitiri ngereranyo ku mukenyezi ari abana batandatu.

Mu Burundi kandi abakiri bato nibo benshi.

Abafise imyaka iri musi ya 25 ni ibice 65 kw’ijana nayo abari musi ya 35 ni 75 kw’ijana.

Ayo matohoza nyene yerekana ko mu mwaka w’i 2030 Abarundi babandanije umuvuduko bariko wo kwibaruka bazoba bigwije na kabiri mu gihe isi ndimwa izogabanuka izo ncuro nyene.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG