Uko wahagera

Amerika mu Gikorwa co Guhuza Ibihugu vy'Abarabu


Rex Tillerson, Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Amerika n'ayandi makungu
Rex Tillerson, Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Amerika n'ayandi makungu

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Amerika n’ayandi makungu, Rex Tillerson ari m’uregendo mu gihugu ca Koweti, mu ntumbero yo gufasha gutorera umuti ibibazo biri hagati ya Qatar n’ibihugu bibanyi vyaco.

Tillerson ategekanya kandi kugendera ibihugu vya Arabiya Sawudite na Qatar mur’iyi ndwi. Kur’uyu wa mbere, yabonanye na Prezida Recep Tayyip Erdogan wa Turukiya, inyuma y’urugendo yaravuyemwo mu gihugu ca Ukraine.

R.C. Hammond, umuhanuzi mukuru wa Tillerson, muvyo gutumatumanako amakuru, yatangaje ko intumbero y’izo ngendo mu bihugu vy’abarabu arukugira bafashe gutora umuti w’amatati ari hagati y’ivyo bihugu.

Hammond yavuze ko Tillerson yatumiwe na Koweti, kandi ko atari ubwa mbere Prezida Trump amusaba gutora umuti w’ibibazo biri muri Qatar. Avuga kandi ko ar’uruhara rwa Amerika rwo gufasha abantu kugumana imigenderanire myiza.

Ibihugu vya Emirats Arabes Unis, Barhein, Misiri n’ibindi biheruka guhagarika imigenderanire n’Igihugu ca Qatar, bicagiriza ko gikorana n’imirwi y’iterabwoba. Yamara Qatar iramirira kure ivyo vyagirizo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG