Uko wahagera

Tillerson Yakoze Urugendo rwa Mbere muri Ukraine


Rex Tillerson, Umushikiranganji wa Amerika n'ayandi makungu, hamwe na Prezida Petro Poroshenko wa Ukraine.

Rex Tillserson, umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Amerika n’ayandi makungu, yagendeye igihugu ca Ukraine kur’uyu w’Imana. Mur’urwo rugendo Tillerson akoze ku ncuro ya mbere aho muri Ukraine, yatangaje ko Amerika yabwiye Igihugu c’Uburusiya ko gitegerezwa gufata ingingo za mbere zo kugabanya intureka m’ubuseruko bwa Ukraine.

M’umubonano yagiranye na Prezida Petro Porochenko, wa Ukraine, Tillerson yagarutse kubijanye n’uko Uburusiya butegerezwa kwubahiriza ingingo yo gihagarika ingwano, m’ugukura ibirwanisho vyose bikomakomeye mur’ako karere, n’ukureka abari m’umugambi wo kugarukana amahoro bagakora igikorwa cabo.

Abategetsi ba Amerika bamenyesha ko bazi neza ko Uburusiya aribwo bufasha abarwanyi bari m’ubuseruko bwa Ukraine, m’ukabaha n’amafaranga, bakavuga kandi ko baharurwako abanyagihugu ba Ukraine bahitanwa n’iyo ntambara.

Mu ndwi iheze, Amerika yarateye akamo abategetsi b’Uburusiya kwicara bakaganira n’abategetsi ba Ukraine.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG