Uko wahagera

Prezida Donald Trump wa Amerika yasatiriye mugenzi we w’Uburusiya, Prezida Vladimir Poutine ku bijanye n’ukwivanga kw’igihugu ke mu matora ya Amerika, yabaye mu mwaka uheze. Hari m’umubonano wa mbere bagiraniye amaso mu yandi, kur’uyu wa gatanu,

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Amerika n’ayandi makungu, Rex Tillerson yatangaje ko Prezida Poutine yahakanye ivyo birego vyose. Sergei Lavrov, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburusiya n’ayandi makungu yatangaje ko Prezida Trump yemeye ivyashikirijwe n’Uburusiya, kubijanye n’uko ata ruhara bwagize mur’ayo matora.

Tillerson yavuze ko abo bategetsi bumvikanye kuzobandanya ico kiganiro, mu ntumbero yo kwumvikana k’uburyo Uburusiya butosubira kwivanga m’ubuzima bwa Amerika muri kazoza. Yavuze kandi ko bigoye ko ivyo bihugu ukw’ari bibiri vyumvikana kur’ico kibazo, yamara ko bagiye kwitaho uburyo bwo gutera intambwe baj’imbere.

Abo bategetsi bumvikanye kandi ku bijanye n’guhagarika intambara m’ubumanuko bushira uburengero bwa Siriya. Israyeli na Yorodaniya navyo nyene, bisanzwe bisangiye urubibe na Siriya bikaba vyiyemeje guhagarika intambara, ingingo vyatangajwe ko izoshirwa mu ngiro kuva kur’uyu w’Imana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG