Uko wahagera

Kuvura Diyabete Bizahenda Ibihugu by'Afurika


Imirire mibi no kurya byinshi biri mu bituma indwara ya diyabete (igisukari) yiyongera muri Afurika
Imirire mibi no kurya byinshi biri mu bituma indwara ya diyabete (igisukari) yiyongera muri Afurika

Akarere ko muri Sahara y’Epfo gashobora kuzokoresha amafaranga arenga incuro zibiri y’aho kahora gakoresha, mu gisata c’indwara y’igisukari, uherey’ubu gushika mu 2030. Ayo mafaranga aharugwa mu miliyaridi 52 z’amafaranga y’amanyaburaya.

Ivyo vyasohotse mu cegeranyo casohowe n’ikinyamakuru c’ubuvuzi, gikorera m’Ubwongereza, aho kivuga ko igice c’ayo mafaranga akoreshwa n’abarwayi b’igisukari, mu gisata c’ubuvuzi n’uburaro bwabo.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu, OMS, rivuga ko mu 1980 abantu bakuze bagendana indwara y’igisukari bangana n’imiliyoni 4. Mu 2014, k’umugabane wa Afrika baharurwa mu miliyoni 25, akaba arico gice iyo ndwara yiyongereye cane kurusha iyindi mice y’isi.

OMS ivuga kandi ko indwara y’igisukari yahitanye abantu bashika ku miliyoni n’igice, m’umwaka w’2012 wonyene.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG