Uko wahagera

Afurika Irashoboye Gutatura Amatati Yayo


Burundi Ombusman
Burundi Ombusman

Abahuza bo mu bihugu vya Afrika (ombudsmen) basaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU n'umuryango w'ubumwe bwa Afrika kubakoresha mu bikorwa vyo kurondera amahoro no gutatura amatati mu bihugu vyabo, mu turere no ku rwego rw'isi.

Ivyo babishikirije kur’uyu wa kane, italiki 6 z'ukwezi kwa ndwi, 2017 i Bujumbura m’Uburundi, ahariko habera inama mpuzamakungu ihuza abahuza bo mu bihugu vya Afrika.

Icegera ca Kabiri c'Umukuru w'igihugu m'Uburundi, Joseph Butore ashitse ahabera inama y'Abahuza bo muri Afrika
Icegera ca Kabiri c'Umukuru w'igihugu m'Uburundi, Joseph Butore ashitse ahabera inama y'Abahuza bo muri Afrika

Intumbero nyamukuru niyo kurabira hamwe uruhara rw’abahuza mu gutorera umuti amatati mu bihugu vyabo, mu karere no kw’isi yose.

Fozia Amin, atwara urwego rw’Abahuza muri Afrika akaba n’umuhuza mu gihugu ca Ethiopia yagarutse ku mabi amwe amwe abahuza bategerezwa guhangana nayo muri kino gihe.

Ayo nayo ni intambara, iterabwoba, amacakubiri, ukutihanganira abandi, amabi afatiye ku gitsina, ni bimwe mu bibangamiye umutekano n’iterambere rya kiremwa muntu muri Afrika.

Mwomenya ko Abo bahuza bitavye ubutumire bwa mugenzi wabo w’u Burundi Edouard Nduwimana yabasavye ko iryo koraniro ryobera mu gihugu ciwe mu kwezi kwa kabiri uyu mwaka bahuriye muri Afrika y’epfo.

Iyo nama yitabwe n'abahuza hamwe n’intumwa z’ibihugu 11. Mu karere ka EAC ibihugu bitaserukiwe ni u Rwanda, Tanzaniya n’Ubuganda.

Urwo rwego rwatanguye kubaho kw’isi m'umwaka w’I 1809 mu gihugu ca Suwede mu buraruko bw’Ubulaya. Muri Afrika igihugu ca mbere catanguye gushiraho urwo rwego ni Tanzaniya mu 1966.

M'Uburundi, umuhuza yashizweho m'umwaka w’I 2010 akaba afise ikiringo c’imyaka 6 kitongerwa. Urwo rwego rwategekanijwe n’amasezarano y’I Arusha.

Iyi nkuru tuyikesha umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Bujumbura m'Uburundi, Eloge Willy Kaneza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG