Uko wahagera

Afurika y'Epfo Ntiyubahirije Amategeko ya CPI


Abacamanza bagize sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI.
Abacamanza bagize sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI.

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI yatangaje ko Afrika y'epfo yaciye kubiri n'amategeko mpuzamakungu mu kudahagarika umukuru w’igihugu ca Sudani, Hassan al-Bashir igihe yagendera Afrika Yepfo m'umwaka w'2015.

Ariko kandi iyo sentare ihana ivyaha vyo mu ntambara, ntiyashimye gushikiriza ico kirego inama ya ONU ijejwe umutekano kw’isi.

Iyo sentare kur'uyu wa kane yavuze ko amasentare yo muri Afurika y'epfo yamaze gukebura reta yayo kur'ico kibazo c’urugendo rwa Bashir yagize mugihugu cabo.

Ivyo vyavuzwe na Cuno Tarfusser, umucamanza wa CPI aho yongeye avuga ko gushikiriza ico kirego muri ONU bitari kuba ingingo nziza kuko bishobora gutuma haba ukudakorana neza n’ico gihugu.

Perezida wa Sudan Omar al-Bashir.
Perezida wa Sudan Omar al-Bashir.

Prezida Bashir yashitse k'ubutegesti bw’igihugu ca Sudani m'umwaka w'1989, atembagaje ubutegetsi bwariho ico gihe bw'abayisilamu bari bashigikiwe n’igisirikare.

Mu mwaka w'2008 yagirijwe ivyaha vya jenocide n’ivyaha bihohotera ikiremwa muntu, ku bwicanyi bwakozwe hagati y’imyaka ya 2003-2008 ku bwoko bumwe bumwe bw’abanyeSudani.

Prezida Bashir arahakana ivyo vyagirizo, akaba abandanya kugira ingendo mu makungu ataco yinona.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG