Uko wahagera

Trump Yatangaje ko Iterabwoba Rigiye Guhagarikwa


Perezida Donald Trump w'Amerika na perezida wa Polonye Andrzej Duda, baha ikiganiro Abanyamakuru, i Varsovie muri Polonye
Perezida Donald Trump w'Amerika na perezida wa Polonye Andrzej Duda, baha ikiganiro Abanyamakuru, i Varsovie muri Polonye

Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z’Amerika yatangaje ko we na bagenzi we b’ibihugu vya Buraya bagiye guhagarika ibitero vy’iterabwoba vyabaye ndanse.

Mw’ijambo yashikirije kur’uyu wa kane ari mu gihugu ca Polonye, Trump yagabishije ko umutekano n’ubuzima bwa misi yose bubangamiwe kandi ko imipaka y’Amerika izokwama yugaye kubagizi b’iterabwoba hamwe n’intagondwa.

Yavuze ati: ntidushobora kwakira abantu batubaha imico kama yacu bakongera bagakora ubugizi bwa nabi ku banyagihugu ataco bazira mu kwerekana urwanko n’ishavu rwabo.

Mu rindi jambo yashikirije kuri uno musi wa kane aho yari kumwe na prezida wa Polonye Andrezj Duda mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, Trump yavuze ko Amerika iriko irakorana na Polonye kugira bakemure ibibazo bijanye n’ihungabana ry’umutekano rigirwa n’Uburusiya mur’ako karere k’ubuseruko no hagati y’umugambane wa buraya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG