Uko wahagera

Abanyamahanga Basabwe kuvura Liu Xiaobo, Umushinwa Agwanya Ubutegetsi


Ibitaro vyo mu gihugu c’Ubushinwa vyateye akamo abaganga b’abahinga bo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika no mu Budagi, kabasa kuvura umushinwa yatawe mu mvuto na reta y’Ubushinwa, Liu Xiaobo, yigeze no kuronka agashimwe k’amahoro, Prix Nobel De La Paix.

Ibiro bijejwe ubutungane mu gisagara ca Shenyang, ari naho Liu ariko aravurirwa, uyu musi ku wa gatatu, niho vyatera ako kamo, inyuma y’aho umuryango wa Liu ubisabiye, hamwe n’inyuma y’aho ivyo biro bivuganiye n’umurwi w’abaganga bavura uyo mugabo w’imyaka 61.

Liu yahawe uburenganzira bwo kwivuza mu kwezi kwa gatanu, inyuma y’aho abaganga batoreye kw’afise Cancer yo mu mafyigo.

Iyo ngingo itangajwe haheze imisi ibiri, igihugu c’Ubudagi giteye akamo igihugu c’Ubushinwa, kagisaba guha uburenganzira Liu bwo kuja kwivuza mu mahanga.

Reta y’Ubushinwa ivuga ko Liu agwaye cane ku buryo atova mu gihugu, yamara Hu Jia, umugenzi wa Liu akaba kandi nawe nyene atavuga rumwe n’ubutetetsi bw’Ubushinwa, avuga kw’amasanamu aheruka gufatwa yerekana ko Liu adasinzikaye cane ku buryo atoja kwivuza hanze.

Ibihugu vy’amahanga hamwe n’amashirahamwe aharanira uburenganzira bw’ikiremwa muntu, vyarateye akamo igihugu c’Ubushinwa kagisaba guha uburenganzira Liu bwo kuja mu mahanga kwivuza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG