Uko wahagera

HCR Yakuye Abakozi Bayo muri Republika ya Centrafrika


Inteko mpuzamakungu mu gisagara ca Bria muri Republika ya Centrafrika.
Inteko mpuzamakungu mu gisagara ca Bria muri Republika ya Centrafrika.

Ishami rikukira Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, HCR, ryitaho impunzi, ryatangaje ko ryabaye rirakura vy’agateganyo abakozi baryo basanzwe bakorera muri Republika ya Centrafrika. Ivyo ngo n’inyuma y’aho abantu bitwaje ibirwanisho batereye inyubakwa z’iryo shirahamwe, mu gisagara ca Kaga Bandoro, mu gitero cabaye k’umunsi wa gatandatu.

HCR irater’ivyatsi ico gitero. Ivuga kandi ko abo bitwaje ibirwanisho bagiye basahuye ibikoresho vyose, amafaranga hamwe n’ibikoresho vy’abo bakozi, n’impapuro zabo z’ingendo, passeports, vyari mur’izo nyubakwa. HRC ivuga kandi ko abakozi batandatu bari mur’izo nyubakwa batew’ubwoba n’abo barwanyi, bakoresheje inkoho.

Umuvugizi wa HCR, Andrej Mahecic, yabwiye Ijwi rya Amerika ko abo baje bitwaje ibirwanisho bataramenyekana abaribo. Avuga ko hakeneye gukorwa amatohoza, yamara ko bigoye bivuye k’uburyo ibintu vyifashe aho muri Republika ya Centrafrika.

Ishami rya ONU, HCR, ryari ryagabishije mu ndwi iheze, ko intureka zishobora gusubira kwaduka mur’ico gihugu, ibishobora gutuma abanyagihugu ibihumbi n’ibihumbi bata izabo bagahunga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG