Uko wahagera

Arusha: Umuryango wa Ntirugiribambe Urasaba ONU Ibisobanuro


Jean Chrysostome Ntirugiribambe waburiwe irengero mu mwaka w'2015
Jean Chrysostome Ntirugiribambe waburiwe irengero mu mwaka w'2015

Umuryango w’umunyarwanda Jean Chrysostome Ntirugiribambe yanyururijwe I Nairobi mu Kenya mu mwaka w’2015 wituye igisata ca ONU casubiriye sentare yacira imanza abakoze ihonyabwoko TPIR kiri I Arusha.

Uwo muryango urikumwe n’umwunganizi mu mategeko uvuga ko ico gisata kibwirizwa kurondera iyo uwo mugabo yoba ari kubera yari umukozi wa TPIR akingiwe na ONU.

Ico gisata cemeye ko cabonye urwo rwandiko rw’umuryango wa Ntirugiribambe yahoze ari n’isura mu manza z’abasirikare

Umushingwamanza aturuka mu gihugu ca Canada niwe yarungitse urwo rwandiko rw’umuryango wa Ntirugiribambe.

Ni mugihe haheze imyaka ibiri uwo mugabo yahoze ari umusirikare kw’ipete rya Capitaine mu gisirikare c’U Rwanda ca kera anyurujwe n’abantu batamenyekanye aho yari I Nairobi muri Kenya.

Mu manza zaburanishijwe na TPIR I Arusha, Ntirugiribambe yari umushakashatsi yegamiye iyo sentare ku ruhande rw’abagirizwa ivyaha vy’ihonyabwoko ryakorewe Abatutsi muri 1994. Yarabaye kandi isura mu manza zitandukanye, akura ivyaha vy’ihonyabwoko ku basirikare batari bake baburanijwe niyo sentare.

Uwo mugabo mbere yanatumye abasirikare batari bake barekurwa abandi bagabanirizwa ibihano n’iyo sentare kubera ugusura rwiwe n’ivyo yashikirijwe.

Iryo kete rivuga ko amategeko ya sentare ari nayo igisata MICT cayisubiriye kikigenderako akingira abantu nkabo.

Uwo mushingwamanza John Philpot, yahoze mbere aburanira bamwe mubagirizwa ivyaha vy’ihonyabwoko muri TPIR avuga ko ku makuru afise, uwo mugabo Ntirugiribambe ashobora kuba akiriho, ariko yarakubaguwe akaborezwa igufa gose.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG