Uko wahagera

ONU Isaba Vyihuta Ikirangamisi c'Amatora muri RDC


Maman Sambo Sidikou, intumwa idasanzwe y'umunyamabanga mukuru wa ONU muri republika iharanira demokarasi ya Kongo
Maman Sambo Sidikou, intumwa idasanzwe y'umunyamabanga mukuru wa ONU muri republika iharanira demokarasi ya Kongo

Umwe mu bakandida baharanira ikibanza c’umukuru w’igihugu, ari mu batavuga rumwe n’ubutegetsi muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo arashima akamo katewe na Maman Sidikou, intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Sidikou yasavye umurwi ujejwe gutunganya amatora gutangaza vuba ikirangamisi c’amatora y’umukuru w’igihugu.

Amasezerano yumvikanyweko kw’italiki 31 z’ukwezi kwa cumi na kabiri umwaka wa 2016 hagati ya reta n’abatavuga rumwe nayo yasaba Perezida Joseph Kabila kuguma k’ubutegetsi gushika hatunganijwe amatora mu mpera z’uyu mwaka wa 2017.

Umuvugizi w’umurwi utunganya amatora yavuze ko inama nshingamateka ya Kongo ariyo ifise yonyene ububasha bwo kwemeza ikirangamisi gishasha c’ayo matora. Ariko iyo nama nshingamateka mur’iki gihe iri mu karuhuko gushika kw’italiki 15 z’ukwezi kw’icenda.

Umukandida yigenga, Noel Tshiani yabwiye Ijwi ry’Amerika ko amakungu akwiye gutera igitsure reta n’umurwi ujejwe amatora bagatunganya amatora imbere yuko uyu mwaka urangira nkuko bavyumvikanye.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG