Uko wahagera

Abashika 15 Barapfuye mu Mirwano muri Centrafurika


Abasirikare ba ONU bakizura i Bangui k'umurwa mukuru wa Centrafurika
Abasirikare ba ONU bakizura i Bangui k'umurwa mukuru wa Centrafurika

Abantu bashika kuri 15 barapfuye mu mirwano yabaye muri Centrafrika hagati y’abahoze ar’abarwanyi b’umuhari Séléka n’abasirikare b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU za Minusca.

Amakuru yatangajwe kur’uyu w’Imana n’amashirahamwe atanga imfashanyo avuga ko iyo mirwano yabaye k’umusi wa gatandatu mu gisagara ca Kaga-Bandoro kiri ku birometero 400 uvuye k’umurwa mukuru Bangui.

Amakuru ava mu bajejwe umutekano, harimwo na Minusca, nayo avuga ko abo barwanyi bahoze m’umuhari seleka batanguye bateza akaguma mu banyagihu mu nyuma babona gutana mu mitwe n’abasirikare ba ONU bamuka muri Pakistani n’Uburundi bari mur’ico gisagara bagerageza kugarukana umutekano.

Mwomenya ko ubwicanyi bwongeye kwaduka kuva mu mpera z’ukwezi kwa gatanu 2017, mu gisagara ca Kaga-Bandoro, umurwa mukuru w’intara ya Nana-Grébizi, ahari abateshejwe izabo bashika ibihumbi 20 aho kandi amashirahamwe atanga imfashanyo avuga ko atoroherezwa mu bikorwa vyayo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG