Uko wahagera

Ubushinwa Bwiyamiriza Agasotoro k'Ubwato bw'Amerika


Ubwato bw'intambara bwa Reta zunze ubumwe z'Amerika mw'ibahari muri Aziya

Ubushinwa bwagiriza Reta zunze ubumwe z’Amerika kubusotora, inyuma y’aho kur’uyu w’Imana ubwato bw’intambara bw’Amerika bwegereje hafi y’izinga rigenzurwa n’Ubushinwa riri mw’ibahari yo m’ubumanuko bw’ico gihugu.

Iryo zinga risanzwe ririmwo amatati, Ubushinwa buvuga ko ar’iryabwo mu gihe Vietnamu na Tayiwani navyo kimwe kimwe kivuga ko ricegukira.

Ubushinwa bubonye, ivyo bwaciye burungika ubwato n’indege z’intambara kugira bwigize kure ubwo bwato bw’Abanyamerika, nkuko vyashikirijwe na Lu Kang avugira ubushikiranganji bw’ubushinwa bw’imigenderanire n’ayandi makungu.

Uko gukizura Amerika yise “Igikorwa gisanzwe” kwabaye imbere y’amasaha make ngo Perezida Donald Trump na Xi Jinping w’Ubushinwa baganire babicishije kuri terefone.

Ubushinwa bubicishije kur’ubwo bushikiranganji bwabwo busaba bushimitse Amerika guhagarika ico bwise “Ibikorwa vyo gusotora biciye kubiri n’ubwigenge bwabwo kandi bibangamiye umutekano”.

Bubaye ubugira kabiri Amerika ikora ibikorwa nk’ivyo kuva Reta ya Trump ishikiriye ubutegetsi. Ubwa mbere hari kw’italiki ya 25 z’ukwezi kwa gatanu mw’izinga rya Spratley, riri m’ubumanuko bw’Ubushinwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG