Uko wahagera

Isango Mkapa Yihaye Yo Kurangirizako Ibiganiro Ntiyubahirijwe


Benjamin Mkapa yari yatangaje ko ukwezi kwa gatandatu uyumwaka kwari kurangira hamaze kuboneka amasezerano

Isango umuhuza w’Abarundi yari yihaye ryo kurangirizako ibiganiro bihuza Abarundi ntiryubahirijwe.

Benjamin Mkapa yari yatangaje ko ukwezi kwa gatandatu uyumwaka kwari kurangira hamaze kuboneka amasezerano yumvikanyweko na Reta hamwe n’abatavugarumwe nayo, ariko siko vyagenze.

Hari mu kwezi kwa kabili uyu mwaka w’2017 aho umuhuza mu matati y’Abarundi yatangaza icese ko ukwezi kwa gatandatu, kwarangiye kuri uyu wa gatanu kwari guhera habonetse amasezerano yo kugarukana amahoro.

Uwo yahoze atwara iguhugu ca Tanzaniya yabivuze arikaratanguza icese igice ca gatatu c’imibonano ihuza impande zegwa n’amatati I Arusha muri Tanzaniya.

Uwo mutama w’imyaka 79 yavuze ko Abarundi bakwiye kuronka agahengwe maze bakijukira ibikorwa vy’iterambere. Yamenyesheje ko ivyo bibwirizwa guca mu masezerano ateweko umukono n’impande zose zegwa n’amatati yadutse kuva mu mwaka w’2015, aho umukuru w’igihugu ahari yatangaza ko agiye gusubira kwitoza.

Abariko babwirwa ayo majambo barayashimye, mbere bamwe muribo nk’uwahoze atwara Uburundi Sylvestre Ntibantunganya yabwiye Ijwi ry’Amerika ico gihe ko iyo sango ari iya kure. Yifuje ko ubwo nyene barikuva I Arusha, bakuyeho intambamyi zose.

Mu gihe iryo sango ryarangiye kuri uyu wa gatanu ata masezerano araboneka, ibiro vy’umuhuza mu matati y’Abarundi vyatangaje ko habayemwo utugorane. Gusa ivyo biro ntivyashatse kudomako urutoke kurizo ntambamyi.

Reta y’Uburundi yifuza ko umuhuza nyabuna yoshikiriza ivyo yashitseko mu kiringo c’umwaka wose amaze. Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal Barandagiye yabishikirije kumunsi wa gatatu w’iyi ndwi imbere y’abashingamateka.

Imbere y’uko ico kiringo umuhuza yari yihaye kirangira, Mkapa yarakiye intumwa ziserukira reta n’abatuvugarumwe nayo.

Uwuserukira igihugu c’Uburundi muri Tanzaniya yakiriwe ku munsi wa kane w’iyi ndwi. Ambassaderi Gervais Abayeho ntavyinshi yashimye kubwira Ijwi ry’Amerika kuko ngo wari umubonano wo mw’ibanga. Gusa yemeye ko baganiriye ivyerekeye politike y’Uburundi muri rusangi.

Imbere yaho, umuhuza yariyaheruka kwakira abaserukira urunani CNARED rutavuga rumwe na reta. Nkuko Charles Nditije atwara urwo runani yabishikirje, bari bafise ubutumwa bwo kubaza ko isango yo kurangiza ibiganiro izokubahirizwa.

Mu nama y’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko iheruka, umuhuza yarashikirije icegeranyo caho agejeje ibikorwa.

Mkapa Yasavye ko yoshigikirwa bihagije mugikorwa arimwo.

Mu ntambanyi yashikirije harimwo ko impande zose zitaremera kwicarana ku meza y’ibiganiro kugira umuti uboneke. Yemeje ko iyo hadasivye Reta, hasiba abatavugarumwe nayo.

Hafi imyaka ibiri iraheze akarere gatoye umuhuza n’umufasha wiwe ariko gushika n’ubu haracakorwa imibonano ku mpande zegwa n’amatati kugira hazotangure ibiganiro nyezina.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG