Uko wahagera

Siriya: Amatohoza Yemeje ko Hakoreshejwe Ibirwanisho vy'Ubumara


Abdul-Hamid Alyousef, w'imyaka 29, areze amahasa yiwe yahitanywe n'igitero c'ubumara muri Siriya.
Abdul-Hamid Alyousef, w'imyaka 29, areze amahasa yiwe yahitanywe n'igitero c'ubumara muri Siriya.

Ishirahamwe rijejwe gucungera ibirwanisho vy’ubumara ryatangaje kur’uyu wa gatanu ko igitero cakozwe muri Siriya cakoreshejwe ubumara bwa sarin.

Mw’itangazo ryasohowe n’iryo shirahamwe, rivuga ko mu gikorwa ryari rijejwe, co gukora amatohoza, ryasanze ico gitero, cakozwe mu ntango z’uyu mwaka, mu ntara ya Idlib, harakoreshejwe ubwo bumara bwa Sarin.

Umukuru w’iryo shirahamwe, Ahmet Uzumcu, yatey’ivyatsi ubwo bubisha. Avuga ko habaye kurenga ku mategeko ajanye n’ibirwanisho ruhonyanganda. Uzumcu yatangaje kandi ko abakoze ico gitero bategerezwa kubibazwa.

Muri kino gihe Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU rifatikanije n’iryo rijejwe gucungera ibirwanisho ruhonyanganda bikoreshwa, akaba agiye gukora amatohoza ku bijanye n’abakoze ico gitero.

Ico gitero cari cahitanye abantu bashika kuri mirongo umunani n'indwi, harimwo abakenyezi hamwe n’abana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG