Uko wahagera

Ubutaliyano Bugiye Gufashwa Kwakira Abimukira


Umuganga w'umutaliyano yakiriye umwana w'umwimukira.
Umuganga w'umutaliyano yakiriye umwana w'umwimukira.

Ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Ibihugu vya Buraya ryatangaje ko rigiye gufasha Igihugu c’Ubutaliyano, bivuye ku gitigiri c’abimukira babandanya kwinjira baciye mw’ibahari mediterane, bavuye m’Uburaruko bw’Umugabane wa Afrika.

Ni mu gihe Ubutaliyano bwaheruka kugabisha ko bugiye kwugara ibivuko k’ubwato bwose butemewe mur’ico gihugu, bwinjira buzanye abimukira.

Gushika ubu, abantu bashika ku bihumbi mirongo umunani nibo bamaze kwinjira baciye mur’iryo bahari. Nayo abashika ku bihumbi mirongo ibiri baramaze gusiga ubuzima mur’ayo mazi, bariko baragerageza kujabuka bagana umugabane w’Uburayi.

Dimitris Avramopoulos, akorera igisata c’abimukira mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya avuga ko Ubutaliyano bukeneye imfashanyo bivuye k’uburemere bw’igitigiri c’abimukira binjira mur’ico gihugu. Avramopoulos akavuga ko badashobora gutererana Ubutaliyano kur’ico kibazo.

Mur’iyi ndwi, abimukira bashika ku majana ane bahanganye n’abapolisi b’Igihugu c’Ubufaransa, bariko baragerageza kwinjira aho m’Ubufaransa. Bakaba basabwa kubanza kuronswa impusha zo kurengana kur’uwo mupaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG