Uko wahagera

France: Marine Le Pen Yagirizwa Kunyuruza Amafaranga


Marine Le Pen, umunyepolitike m'Ubufaransa

M’Ubufaransa, umunyepolitike Marine Le Pen yagirijwe ko yakoresheje nabi ikigega c’Ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Ibihugu vya Buraya, kijejwe guhemba abakozi bafasha abashingamateka bakorera m’Ubufaransa. Le Pen yamye ahakana ivyo birego, akavuga ko ar’ivyitwazwo vya politike.

Kur’uyu wa gatanu niho yitaba abacamanza i Paris, aho yahawe ivyagirizo vya mbere bivuga ko atabaye umwizigirwa, yongera yagirizwa ko atahemvye babiri mu bakozi biwe, igihe yari umushingamateka w’Ishirahamwe rya Buraya. Ikibazo cabajijwe kandi n’ikijanye n’uko Umugambwe aserukira, Front National, woba warakoresheje ayo mafaranga y’Inama Nshingamateka ya Buraya, yari yagenewe guhemba abo bakozi.

Inama nshingamateka ya Buraya ivuga ko amafaranga yanyurujwe angana n’imiliyoni zitanu z’amafaranga y’amanyaburaya.

Marine Le Pen aheruka gutsindwa mu matora y’Umukuru w’Igihugu aheruka m’Umufaransa, yari yatowe mu mwaka w’ibihumbi bibiri na kane mu nama nshingamateka y’Uburayi, akaba yatanze imihoho m’ukwezi guheze, inyuma y’aho atsindiye intebe mu nama nshingamateka y’Ubufaransa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG