Uko wahagera

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump ntabonwa neza n’abantu batari bake mu bihugu vyo mu mahanga. Kiretse mu Burusiya na Israel aho abantu bamufitiye icizere kurusha Barack Obama igihe yari perezida.

Ivyo vyashikirijwe n’ikigo kigira ubushakashatsi, Pew Research Center mw’itohoza cagize mu bihnugu mirongo itatu n’indwi vyo kw’isi.

Ibice mirongo ibiri na biri kw’ijana gusa vy’abantu babajijwe nibo bamenyesheje ko bafitiye icizere Donald Trump, ku bijanye n’ukuvyifatamwo neza mu buyobozi bwa Amerika mu makungu. Ku gihe ca Perezida Obama ico gitigiri cagera kuri mirongo itandatu na bane kw’ijana mu myakja yiwe ya nyuma y’ubuyobozi bwiwe.

Igitigiri c’abantu babona neza Amerika caragabanutse bikomeye mu bihugu bitandukanye, muri Amerika y’epfo, Amerika ya ruguru, i Bulaya, muri Asiya no muri Afrika, nkuko bishikirizwa n’ikigo, Pew Research Center.

Ukugabanuka kw’icizere kuri perezida wa Amerika vyobonekeje cane cane mu bihugu bicuditse na Amerika mu karere k’i Bulaya na Asiya hamwe no muri Canada na Mexique.

Uburusiya na Israel nivyo bihugu vyonyene aho abantu babajijwe bemera ko bafitiye icizere Trump kurusha icizere bari bafitiye Obama.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG