Uko wahagera

Gukoresha Imyuka y'Ubumara Byazanira Siriya Amakuba


Reta Zunze Ubumwe za Amerika zitangaza ko zifise amakuru yukw’inteko za Siriya zishobora kuba ziriko zitagura igitero gikoreshejwe imyuka yicisha ubumara gisa n’icabaye mu kwezi kwa kane mu buraruko bw’igihugu. Ico gitero catumye amerika yishuye mu kugira ibitero vy’indege z’ingwano muri Siriya.

Mw’itangazo ku muhingamo w’ejo ku musi wa mbere, umushikiranganji ajejwe gutangaza amakuru muri Amerika, Sean Spicer yaganishije perezida wa Siriya, Bashar al-Assad ko hamwe inteko za Reta zogira ikindi gitero gikoresheje ibirwanisho vyicisha imyuka y’ubumara, ko we n’umuryango wiwe bazobiriha bikomeye.

Nta yandi makuru arenga aho canke ivyemezo vyashikirijwe ku vyuko Reta ya Siriya yoba iriko itegura igitero gikoresheje ibirwanisho vyicisha imyuka y’ubumnara.

Ambasaderi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Nikki Haley yavuze kw’ibindi bitero nkivyo ku basivile muri Siriya bizoja ku gahanga ka Perezida Assad. Yatangaje ko na Irani n’Uburusiya bishigikiye ubwicanyi Assad akora ku banyagihuguv biwe bizobibazwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG