Uko wahagera

Abanyamerika Imiliyoni 22 Bagiye Kuzobaho Bativuza


Abanyagihugu muri Amerika biyamiriza itegeko rishasha ryo kwivuza
Abanyagihugu muri Amerika biyamiriza itegeko rishasha ryo kwivuza

Itegeko rishasha ryo kwivuza ryateguwe n’umugambwe w’abarepublikani rishobora gusiga abanyamerika imiliyoni 15 batagira asiranse yo kwivuza gushika m’umwaka w’2018 mugihe mu mwaka wa 2026 abashika imiliyoni 22 aribo batazoba bagishobora kwivuza.

Ivyo n’ivyatangajwe kur’uyu wa mbere n’ibiro vy’inama nshingamateka y’Amerika bikurikirana ivy’amafaranga reta ikoresha.

Guhindura ibitari bike mu vyari mw’itegeko ry’Abademokrate ryo m'umwaka wa 2010, nivyo abarepublikane na Donald Trump bemereye Abanyamerika igihe bariko biyamamariza amatora y’umukuru w’igihugu m’umwaka w’2016.

Mugihe iryo tegeko ryokwemezwa, imiliyoni 49 z’Abanyamerika ntizizoba zigishobora kwivuza mu mwaka w’2026, n’ukuvuga 18 kw’ijana vy’Abanyamerika bari munsi y’imyaka 65 y’amavuko.

Iryo tora ritegekanijwe gutorwa mur’iyi ndwi rishobora kutemezwa kuko bamwe muba Republikani batowe mu ntara zikenye baramaze kugaragaza ko batarota baritora uko rimeze ubu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG