Uko wahagera

Siriya mu Myiteguro Yo Gutera Ibindi Vyuka vy'Ubumara


Abahitanwe n'ivyuka vy'Ubumara muri Siriya kw'italiki ya kane' ukwezi kwa kane 2017
Abahitanwe n'ivyuka vy'Ubumara muri Siriya kw'italiki ya kane' ukwezi kwa kane 2017

Reta zunze ubumwe z’Amerika itangaza ko reta ya Perezida Bachar al Assad wa Siriya iri mu myiteguro yo gutera ibindi vyuka vy’ubumara bishobora kwica abanyagihugu batari bake harimwo n’abana.

Umuvugizi w’ibiro vy’umukuru w’igihugu c'Amerika, Maison Blanche, Sean Spicer yatangaje kur’uyu wa mbere ko Amerika iri muri Siriya kurwanya ibikorwa vy’iterabwoba ariko yongerako ko mu gihe Assad yohirahira akabikora, we n’igisirikare ciwe bovyishura ikiguzi gikomeye.

Iyo myiteguro isa n’iyakozwe n’ubwo butegetsi nyene bwa Siriya imbere yuko butera ivyuka nk’ivyo kw’italiki ya kane z’ukwezi kwa kane nyene, ivyatumye Amerika itera misile 59 zasambuye ikirindiro carimwo indege za Siriya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG