Uko wahagera

Trump: "Inzira Igana Guhindura Itegeko ryo Kwivuza Ntiyoroshe"


Perezida wa reta zunze ubumwe z'Amerika, Donald Trump
Perezida wa reta zunze ubumwe z'Amerika, Donald Trump

Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z’Amerika yamenyesheje ko we n’Abasenateri bagenzi we bo m’umugambwe w’Abarepublikani batorohewe m’utwigoro bamazemwo imyaka umunani two guhindura itegeko ryo kwivuza ryasizwe na Perezida Barack Obama.

Mwomenya ko kur’uyu wa kane, ariho Abasenateri bategekanya kwemeza canke guhakana itegeko ririho ubu, bakarisubiriza n’irindi rishasha bateguye riha abanyagihugu uburenganzira bwo guhitamwo kutagura asiranse yo kwivuza ntibatangshwe amande.

Itegeko rishasha kandi rikuraho amafaranga reta yategekanya yo kuvuza abatishoboye n’abafise uburyo buke, rikura amatagisi kubatunzi na porogarame za reta zifasha abakene n’abagendana ubumuga.

Mugihe uko sena isanzwe yubatse ubu Abarepublikane ari 52 kuri 48 b’abademokrate, Abarepublikane bafise ubwoba ko mu gihe babiri gusa muri bo batorishigikira utwigoro twabo twose twoba tubaye impfagusa. Bane muri bo bakaba bamaze kumenyesha ko batarota baritora uko rimeze ubu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG