Uko wahagera

Abasirikare ba Iraki Begereje Kwigarurira Mosul Yose


Imyotsi y'amabombe y'indege z'igisirikare ca Iraki ku gisagara ca Mosul.
Imyotsi y'amabombe y'indege z'igisirikare ca Iraki ku gisagara ca Mosul.

Abasirikare ba Iraki k’umusi w’Imana niho binjira mu mutima nyezina w’igisagara ca Mosul mu ntambara yo kuraba ko bogikura cose mu minwe y’abarwanyi b’umuhari wa reta ya Kiyisilamu.

Umwe mu ntwazangabo za Iraki avuga ko 70 kw’ijana bamaze kuvyigarurira.
Liyetena Kolonel Salam al-Obeidi yatangaje ko abarwanyi ba reta ya Kiyisilamu baharurwa mw’ijana aribo bakigisigaye, mugihe iyindi ntwazangabo ivuga ko baharura imisi mike kikaba kiri mu minwe yabo cose.

Abasirikare ba Iraki batanguye urugamba rwo kwigarurira Mosul kuva m’umwaka wa 2014, bafashijwe n'inteko mpuzamakungu zirongowe na Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Ariko n'aho bishoboka ko Mosul kigaruka mu minwe ya reta, har’umuhinga w’Umunyamerika avuga ko afise amakenga ko reta isa n’iyititeguye guca ishinga ubutegetsi bugenzura igisagara.

Michael O'Hanlon, ayoboye ubushakashatsi mu bijanye na politike y’amakungu mu kigo Brookings Institution c’aha I Washington muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, yatangaje ko hashobora kuvuka uyundi murwi w’intagondwa z’abayisilamu bo m'ubwoko bw'abaSunite.

Avunira akagohe reta guca iha imyanya imirwi yose m’uburongozi bw’ico gisagara, atar’uko boba baruhiye ubusa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG