Abanyekoreya y’epfo baharurwa mu bihumbi kuwa gatandatu baragize imyiyerekano hafi y’ubuserukizi bwa Reta zunze ubumwe I Seoul biyamiriza umugambi w’Amerika wo gushira ikirwanisho gifise ubuhinga bukomeye bwo kuzibira Misile zoterwa na Koreya ya ruguru mur'ico gihugu.
Ivyo bibaye mu gihe hasanzwe hari icuka kibi mur’iryo zinga bivanye n’agasomborotso ka Koreya ya ruguru yama yageregeje ibirwanisho vy'ubumara kandi mu gihe Perezida Moon Jae-In wa Koreya y’epfo yitezwe mu ndwi iza I Washington kubonana na mugenzi we w’Amerika Donald Trump.
Perezida Moon yari yatangaje mur’uku kwezi kwa gatandatu italiki 8 ko atipfuza irungikwa ry’ivyo birwanisho batararabira hamwe ingaruka vyotera kubidukikije.
Abanyagihugu baba mu ntara ya Seongju iri m’ubumanuko bwa Koreya y’epfo aho ivyo birwanisho bizoshirwa bafise ubwoba ku magara yabo, kubidukikije ndetse batinya n’uko Koreya ya ruguru ishobora kuzobatera misile zayo.
Abandi bafise amakenga n’Ubushinwa buvuga ko ivyo bigwanisho bifise ubuhinga bwa Radar bukomeye buzogabanya ubushobozi bwa Misile zabwo kuko Amerika ishobora guca igenzura na Misile z’Ubushinwa.
Facebook Forum