Uko wahagera

Abarenga 100 Bahambwe n'Umusozi m'Ubushinwa


Abatabara bariko barondera ababomokeweko n'isi mu mihana ya Xinmo m'Ubushinwa.

Ubutegetsi bw’Ubushinwa butangaza ko abantu bashika 15 bamaze gutorwa ibiziga abandi barenga ijana ntawuzi irengero ryabo, amazu 62 yarahambwe n’imisozi inyuma y’aho k’umusi wa gatandatu imisozi ihambiye akarere kose ko mu mihana ya Xinmo iri mu ntara ya Sichuan.

Ubutegetsi bwo mur’ako gace bwatangaje ko abantu barenga ibihumbi bibiri bafadikanije n’abaporisi n’abasirikare aribo bariko barafasha mu bikorwa vyo kuraba ko har’abo borokora.

Umwe mu batabara yavuze ko batari bwongere kubona ibara nk’iryo kuva m’umwaka w’2008, aho abantu ibihumbi 87 bapfuye bahitanwe na nyamugigima mu gisagara ca Sichuan.

Abategetsi bavuga ko iyo misozi yabomowe n’imvura nyinshi yahitanye ivyondo n’amabuye vyaciye bija gutera imihana y’abanyagihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG