Uko wahagera

ONU Izorungika Abahinga Gutohoza Ubwicanyi Muri Kasai


Uruhagarara mu ntara ya Kasai.
Uruhagarara mu ntara ya Kasai.

Igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kijejwe ivy’agateka kazina muntu caremeje kur’uyu wa gatanu icemezo co kurungika umurwi w’abahinga mpuzamakungu bazoja gutohoza ubwicanyi bwabereye muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo.

Ico cemezo cemejwe n’ibihugu 47 bigize iyo nama kivuga ko abo bahinga bazoba barimwo n’abo mu karere ka Afrika bazotohoza ivyaha vy’ubwicanyi vyabereye mu ntara ya Kasai.

Iyo nama isaba igihugu ca Kongo gufasha abo bahinga, kandi abazokwagirwa bazocirwa imanza n’ubutungane bwo mur’ico gihugu.

Iyo nama kandi yagirije reta ya Kongo kuba abajejwe umutekano bayo baragize uruhara runini mur’ubwo bwicanyi, mu kwica abana, gufata abagore ku nguvu no gukuramwo inda z’abagore bibungenze.

Ubwicanyi, Ekleziya Katolika yo mur’ico gihugu ivuga ko bwahitanye abanyagihugu barenga ibihumbi bitatu mu mezi umunani.

Kuva m’ukwezi kw’icenda 2016, intara ya Kasai, iri mu maja hagati ya Kongo, iri mu ruhagarara rwadutse inyuma y’iyicwa rya Kamwina Nsapu, umukuru wa bumwe m’ubwoko mur’ako karere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG