Sentare nkuru yo muri Ghana yatangaje kur’uyu wa kane ko abantu babiri bahoze bafungiwe mw’ibohero ry’Abanyamerika riri I Guantanamo muri Cuba, basanzwe bari k’umurwa mukuru Accra kuva m’ukwezi kwa mbere 2016, bahazanwe bidakurikije amategeko.
Iyo sentare imenyesha ko mugihe reta itosaba inama nshingamateka kwemeza canke guhakana igumizwa rya Mahmud Umar Muhammad Bin Atef na Khalid Muhammad Salih Al-Dhuby mur’ico gihugu mu kiringo c’amezi atatu baca barungikwa muri Reta zunze ubumwe z’Amerika ubutarariye.
Abo bahoze ar'imbohe babaye aba mbere mubari i Guantanamo barungitswe mu gihugu ca Afrika iri musi ya Sahara ku ntwaro ya Perezida Barack Obama.
Kwugara iryo bohero vyari mu vyo Obama yari yemereye abamutoye kurongora Amerika. Ariko vyaragaragaye ko ibihugu bitari bike vyanse kubakira, gushik’ubu abashika 40 nibo batararonka ibihugu bibakira.
Facebook Forum